Burkina Faso Yemeje Ko Yavuye Burundu Muri CEDEAO

Abashyigikiye icyemezo cya Burkina Faso

Burkina Faso, kuri uyu wa kane, yarashigikiye ingingo yayo yo kuva mw'ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO.

Vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere Apollinaire Joachim Kyelem de Tambela, ku murwa mukuru, Ouagadougou. Yavuze ko kw’italiki 28 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, Burkina Faso, Mali na Nijeri vyafashe ingingo izokwibukwa mu mateka yo kuva muri iryo shirahamwe CEDEAO.

Yavuze ko yari ingingo yiyumviwe neza, yafashwe inyuma y’uko ingaruka zayo zihwejwe neza.

Abategetsi b'ivyo bihugu bavuga ko ishirahamwe CEDEAO ritacubahiriza ivyipfuzo vy’abanyagihugu baba mu karere ka Sahel. Bavuga ko vyatumye urunani hagati y’ivyo bihugu uko ari bitatu, ruba nkenerwa.

Umushiranganji wa mbere wa Burkina Faso, yariyamirije ibihano ishirahamwe CEDEAO ryafatiye igihugu ciwe, Mali na Nijeri. Yaragirije iryo shirahamwe kandi ko ryananiwe gufasha ibihugu birigize.

Appolinaire Joachim Kyelem de Tambela, yavuze ko ishirahamwe CEDEAO ritagikorera inyungu z’abanyagihugu; ko ahubwo ryafashe inzira itandukanye n’ivyipfuzo vy’abanyagihugu baba mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Burkina Faso yatangaje ko yamenyesheje ishirahamwe CEDEAO, rigizwe n’ibihugu 15, ivyerekeye ingingo yayo yo kurivamwo.