Mali yaraye isozereye ibikorwa vyo kurondera abantu boba bahitanywe n’umusozi bariko barimba inzahabu ahitwa Kangaba mu karere ka Koulikoro kari mu bumanuko bw’ico gihugu.
Ibiziga bimaze kuboneka ni 73 gusa. Abajejwe intwaro y’ahabereye iryo sanganya bakeka ko ikirombo cariko gicukugwamwo inzahabu carimwo abantu barenga 200.
Uwitwa Oumar Sidibe akorera mu gisata co gucukura amabuye y’agaciro ahabereye iryo sanganya yabwiye abamenyeshamakuru ati: “ Habanje kumvikana induru nyinshi, mu nyuma isi ijugumira nk’iyirimwo nyamugigima. Ibikorwa vyo kurondera abahitanywe n’iyo nsanganya vyaheze. Ibiziga vyatowe ni 73 gusa”
Ubushikiranganji bujejwe ivyubutare n’agataka butangaza amakuru bwaririnze kuvuga igitigiri cabaguye muri iryo sanganya. Bwavuze gusa ko ari benshi.
Insanganya yabaye ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, ariko abajejwe intwaro baza gutangaza amakuru yayo ku munsi wa kabiri.
Ikibanza cariko cimbirwamwo inzahabu nticemewe n’amategeko. Insanganya nk’izi zirakunze kuba muri Mali, igihugu kiza ubwa gatatu mu bifise inzahabu nyinshi muri Afurika. (AFP)