Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubushinwa, Wang Yi, azogendera muri iyi ndwi, ibihugu vya Misiri na Tuniziya, mu rugendo rw'imisi ine azogira ku mugabane wa Afrika imbere y'uko aja muri Brezil na Jamayika
Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ryatangaje ko ata vyinshi vyatangajwe ku vyo Wang azoganira n’abategetsi ba Misiri igihe azoba ari mu rugendo muri ico gihugu. Yamara prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, yasavye ko haba ikoraniro mpuzamakungu rigenewe gutorera inyishu intambara hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.
Urugendo rwa Wang mu gihugu ca Misiri ruzoba rukwirikiye urw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken. Bitegekanijwe ko abonana na Prezida Abdel Fattah al-Sisi ku murwa mukuru, Kayiro mu bindi biganiro bigenewe guhagarika ibitero Isirayeri iriko ikora ku murwi Hamas.
Urugendo rw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi, ku mugabane wa Afrika ruzomujana kandi muri Togo na Kotedivuwari kuva kw’itariki 13 gushika ku ya 18 z’ukwezi kwa mbere. Nyuma y’aho Wang azogendera ibihugu vya Burezile na Jamayika gushika ku itariki ya 22. (VOANEWS)