Umunonotsi kirangiranwa wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Oscar Pistorius yahiganywe mu nkino mpuzamakungu zo gusiganwa, afise ukuguru kurimwo icuma, agiye kurerkuwa, abanje kugira ivyo asabwa, imyaka 10 inyuma y’aho apfungiwe kubera icaha co kugandagura umukobwa bakundana.
Oscar Pistorious yahagaritswe mu 2014 ku vyaha vyamwagiriye ko yishe umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, uyu musi ku wa gatanu yemerewe kuzorekurwa, kuva kw’igenerekezo rya 5 ry’ukwezi kwa mbere umwaka utaha, habanje kwihweza ibintu bimwe bimwe.
Uyo mugabo yavuye ku rwego rw’umuntu yabaye kirangiranwa mu makungu aja ku rwego rw’umwicanyi mu myaka y’ababa icumi, iheze. Pistorious, yishe arashe umukunzi wiwe Steenkamp mu mwaka w’2013, ku musi w’abakundanda uzwi nka mutagatifu Valentina.
Mu mwaka w’2017, sentare gasamburamanza yarasubiyemwo urwo rubanza, ica imucira umunyororo w’imyaka 13 n’amezi atanu. Yari yabanje gukatirwa gufungwa imyaka itanu mu 2014 na sentare nkuru, yamara sentare yungururizwamwo imanza isanga ico caha co gugandagura Steenkamp, yaragikoze koko, ica imusubiza mw’ibohero mu kindikiringio c’imyaka itandatu, mu mwka w’2016.
Irekurwa ryiwe rimusaba kutazova mu gisagara ca Pretoria, atabanje gusaba abategetsi ubwo uburenganzira, kuzofata inyigisho zifise intumbero yo kumufasha kugabanya ishari, yongere aze aritanga mu bikorwa vyo gufasha mu kibano ciwe.