Muri Amerika Ibiciro vy'Igitoro Vyaraduze

Reta y’Amerika iremeza ko ibiciro vy’ibidandanzwa nkenerwa vyaduze cane mu kwezi kwa munani, cane cane ibiciro vy’ ibitoro.

Ubushikiranganji bujejwe ubuzi bumenyesha ko mu kwezi kw’umunani urugero rw’ibiciro abantu basanze bariha ku bidandanzwa rwiyongeye gushika ku bice 3.7 kw’ijana, ugereranije n’ibice 3.2 rwari rugezeko imbere yaho mu kwezi kw’indwi.

Abakurikiranira hafi ubutunzi muri Amerika bavuga ko n’aho biri uko, Ikigega gikuru ca reta ya Amerika, Federal Reserve, gishobora kutazokenera kuduza inyungu isabwa ku ngurane mu nama iteganijwe mu ndwi iza.

Icagiye gushira ahagaragara ko ibiciro vy’ibidandazwa vyiyongereye ni ibiciro vy’ibitoro ku bagendesha imodoka.

Mw’ijambo Prezida Joe Biden yashikirije ari mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu matora yo mu 2024, yagize ati “Muri rusangi ubutunzi bwariyongereye mu mwaka uheze ariko ndazi ko ibiciro vy’ibitoro vyabaye intambamyi ku miryango myinshi.

Icegeranyo c’ivyiyumviro vy’abanyagihugu bakurikiranira hafi ubutunzi mu miryango yabo, cerekana ko Abanyamerika batanezerewe n’imigambi ya Prezida Joe Biden ku bijanye n’ubutunzi mu gihugu. (VOA News)