Icuka si ciza hagati y’abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri n’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, rigihagaze ku mugambi waryo wo kurungika ingabo zija “kubohoza demokarasi ya Nijeri”.
Ntibiramenyekana ryari ishirahamwe CEDEAO ritegekanya kurungika ingabo zaryo muri Nijeri, eka ntiriranatangaza n’ibibanza izo ngabo ari nkahamwe zogenda zizoshirwamwo.
Abahinga mu mu vy’amatati n’intambara basasesanguriye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, bavuga ko ingabo zose zorungikwa zitoja munsi y’5000, kandi zizoba ziyobowe na Nijeri. Ku bw’abo bahinga, bizofata ikiringo c’indwi imwe gusa kugira ngo izo ngabo zizobe zisuganije.
Benin, Nijeriya na Kote d’Ivoire biri mu bihugu bimaze gutangaza ko vyiteguriye urugamba rwo gusubiza ubutegetsi mu minwe ya Prezida Mohamed Bazoum yabwambuwe mu mpera z’ukwezi kw’indwi.
Prezida Alassane Ouattara wa Kote d’Ivoire ejo ku wa gatanu yatangaje ko igihugu ciwe cahejeje kwegeranya uburyo bwose burimwo ubw’amafaranga kugira kije gufasha kugarukana ubutegetsi bwa Bazoum.
Biri uku mu gihe abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Nijeri baheruka kugabisha bavuga ko ari nka hamwe hogira igihugu ca CEDEAO kirungika inteko zaco, bashobora kwica Prezida Bazoum agifungishijwe ic’amaso ku muhana iwe.
Ntibiramenyekana niba uku kugabisha kw’iyicwa rya Prezida Mohamed Bazoum hari ico bizohindura ku mugambi wa CEDEAO.
Bitegekanijwe ko abategetsi b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afurika bahura ku munsi wa mbere, bakiga ku kibazo ca Nijeri.