Tanzaniya Iragabisha ko Itagishoboye Gukemura Ibibazo vy'Impunzi

Abarundi bahunze ubwicanyi n'imvururu za poritike barindiriye kwinjizwa mu bwato bwa ONU i Kagunga muri Tanzaniya.

Reta ya Tanzaniya igabisha impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu ko iri mu bihe bikomeye vy’ubukene bw’amafaranga akenewe gukemura ibibazo vy’impunzi muri iki gihe. Ni mu gihe zimwe mu mfashanyo zihabwa igisata c’ubuvuzi, n’ibikoresho vy’abanyeshure bizogabanywa ku rugero runini.

Umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya bwana Sudi Mwakibasi niwe yashikirije ico kibazo mu nama yo guhimiriza impunzi gutaha yabereye mu nkambi ya Nyarugusu kuri uyu wa Mungu. Ariko ntiyashize ku mugaragaro ibitigiri vy’amafaranga akenewe.

James Jovin aratubwira ibindi mu majwi aha munsi.

Your browser doesn’t support HTML5

Abarundi Bahungiye muri Tanzaniya Baragabishwa Kuzokena Imfashanyo