Libiya: Ibitero vy’Indege Vyarakozwe ku Bacangero b’Abarusiya Wagner

Yevgeny Prigozhin akuriye abacangero b'Abarusiya, Wagner,

Ibitero vy'indege zitagira abadereva vyarakozwe, mw'ijoro ry'ejo ku musi wa kane mu kibanza c'igisirikare kirwanira mu kirere mu buseruko bwa Libiya, aho umurwi w'abacangero b'Abarusiya, Wagner, ucumbitse.

Izo ndege zitagira abadereva, zaje ziva ahataramenyekana gushika ubu, zarakoze ibitero mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere c’ahitwa al-Kharrouba. Aho ni ku bilometero 150 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’isisagara ca Benghazi, mu buseruko bwa Libiya. Ico kibanza ni co umurwi Wagner ucumbitsemo. Yamara nta bahasize ubuzima canke abakomeretse muri ivyo bitero.

Libiya caranzwe n’ibibazo vya politike kuva Muammar Kaddafi yahoze ayoboye ico gihugu avuye ku butegetsi mu mwaka w’I 2011. Kuva ico gihe, ico gihugu cariciyemwo ibice hagati y’ubuseruko n’uburengero, muri igihe kandi abanyamahanga bivanze mu bibazo vyaco.

Kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’2019 gushika mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2020, Khalifa Haftar, umukuru w’abarwanyi bakorera mu buseruko bwa Libiya, yarakoresheje abarwanyi baturuka mu bihugu vya Cadi, Sudani, Nijeriya na Siriya, hamwe n’abacangero b’umurwi Wagner, mu bitero vyiwe bitagize ico bishikako mu mugambi ko gufata umurwa mukuru, Tripoli.

Kuva ico gihe, abacangero amajana n’amajana b’umurwi Wagner bagumye bakorera mu buseruko no mu bumanuko bw’igihugu inyuma y’uko bamwe muri bo bagiye muri Mali no muri Ukraine kwifatanya n’igisirikare c’Uburusiya mu rugamba. (AFRICANEWS)