Abantu bitwaje ibirwanisho bishe uno munsi ku wa Mungu abantu 5 bo mu vya Salama na Juhudi biri mu karere ka Lamu kari mu bumanuko bwa Kenya.
Abategetsi b’akarere ka Lamu batangaje ano makuru basigura ko abagavye ico gitero, baturiye amazu, babomagura n’inyubakwa. Amazu yaturiwe n’inyubakwa zasenyuwe ntizatangajwe igitigiri.
Nta murwi n’umwe urigamba igitero c’uno wa Mungu. Polisi y’akarere ka Lamu yacise, ic’iterabwoba. Iryo jambo ikunze kurikoresha ku bitero vy’intagondwa za Al-Shabab.
Akarere ka Lamu kegeranye n’umupaka Somaliya ihana na Kenya. Akenshi, abarwanyi ba Al-shabab baragaba ibitero mu micungararo y’ako karere, kugira bagondoze reta ya Kenya kuvana abasirikare bayo muri Somaliya.
Kenya: Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho Cahitanye 5 mu Karere ka Lamu
Ibarabara ryo mu karere ka Lamu