Uburundi Buzokoresha Imiriyaridi Zirenga 3224 mu Mwaka wa 2022-2023.

Inama nshingamateka ishashe mu kigobe yiga amafaranga reta izokoresha. Kigobe, Bujumbura Itariki ya 12/06/2023

Mu Burundi, Inama Nshingamateka ejo kuwa mbere yaremeje integuro y'ibwirizwa rigena amafaranga Reta izokoresha muri uyu mwaka w'2023-2024.

Amafranga yemejwe arenga imiriyaridi 3224. Ni ukuvuga ko hiyongereyeko ibice birenga gato 46 kw'ijana ku yakoreshejwe mu mwaka wa 2022-2023. Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, Audace Niyonzima, ni we yagejeje iyo nteguro y’ibwirizwa ku bagize inama nshingamateka mu ngoro y’amakoraniro ejo ku musi wa mbere.

Mu masaha ashira isaha zitatu z’ijoro, abagize inama nshingamateka bahavuye batora ijana kw’ijana iyo nteguro. Abashingamateka bagera kuri 116 baritoye bose.

Naho biri uko, abagize inama nshingamateka bashikiriza amakenga bafise kuri ivyo biharuro vy’amafaranga ategekanywa kuzokoreshwa. Aha bashingira ku mafaranga abandanya kuduzwa mu nteguro y’amafaranga akoreshwa mu bikorwa vya Reta.

Ijwi ry’Amerika yavuganye n’umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umwarimu muri Kaminuza Niyongabo Gilbert, nawe avuga ko iyo nteguro y’ibwirizwa rigena amafaranga Reta izokoresha ataco itwaye. Kuri we, igikenewe ni ukuyishira mu ngiro. Aha atanga akarorero ko hari ivyari bitegekanijwe gukorwa mu mwaka uheze ariko bitakozwe birimwo ikorwa ry’amabarabara n’ibindi, bityo hagomba gushirwamwo inguvu bigakurikiranwa.

Mu mwaka w’2022-2023, amafaranga yategekanijwe gukoreshwa yarenga imiliyaridi 2194. Nayo yari yadugijwe ku bice birenga 40 kw’ijana kuyo mu mwaka wabanje. Kuri ubu, yongerewe gushika ku bice birenga 46 kw’ijana.

Umushikiranganji yerekanye ibisata bimwe bimwe biza ubwa mbere mw'ikoreshwa ry'ayo mafaranga. Aha twovuga nk'igisata c'abakozi n'akazi, inyubako, amagara y'abantu, gutanga akazi mu rwaruka hamwe n'inzego zijejwe umutekano w’igihugu no kwivuna abansi.

Inyuma y’uko inama nshingamateka yemeje iyo nteguro, izoca ijanwa mu nama nkenguzamateka, iherukire kwemezwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi nkuko bitegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro.