Umutekano Wagarutse mu Mabarabara yo ku Murwa Mukuru wa Senegali

Bamwe mu banyagihugu bari ku mujrwa mukuru wa Senegale

Umutekano wagarutse mu mabarabara yo ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, inyuma y'amasaha 72 y'uruhagarara. Muri Senegal, ku musi wa kane w’indwi irangiye, igipolisi carahanganye n’abashigikiye umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Ousmane Sonko, yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka ibiri.

Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, naho, abategetsi ba Senegal baratangaje ko abantu 500 bahagaritswe kuva ku musi wa kane. Ibrahima Diop, umuyobozi ajejwe umutekano w’abanyagihugu, yatangaje ko inteko zijejwe umutekano zahanganye n’abari mu myiyerekano yarimwo imigumuko, bari bafise uwundi mugambi atari kurondera gushikiriza ivyiyumviro vyabo gusa, ahubwo bari mu bikorwa bigenewe guhungabanya umutekano w’igihugu.

Yavuze ko abantu bahagaritswe muri iyo myiyerekano bari bitwaje ibirwanisho kandi bagenzwa n’ikibi. Diop yatangaje ko benshi mu bahagaritswe bari bafise amabombe yo mu bwoko bwa cocktail Molotov, imbugita, n’ibirwanisho bicira umuriro.

Abashigikiye Ousmane Sonko na Prezida Macky Sall baragiragiranije uruhara mu ruhagarara, mu bugizi bwa nabi hamwe no mu myiyerekano, vyabaye. Abantu 16 barayisezemwo ubuzima, abandi barenga 350 barakomereka. (AFRICANEWS)