Twitter Yatse Akamenyetso k'Ubururu Abatandukanye

Urubuga rwa Twitter rwatse akamenyetso gasa n'ubururu (blue tick/Badge Bleu) bimwe mu bimenyeshamakuru, abanyepolitike, ivy'amamare mu muziki, mu nkino n'ibindi bisata bitandukanye.

Akamenyetso gasa n’ubururu Twitter yatse abantu baharurwa mu bihumbi n’ibigo bitandukanye, kahora kifashishwa mu kwerekana ko urubuga kanaka Ari nyakuri kandi rwizewe.

Abaharurwa mu bihumbi bagatakaje inyuma yaho umugwizatunga Elon Musk, nyene Twitter afashe ingingo y’uko uwuzokagumana wese ku kwezi ku kwezi azoza arakarihira amadorali 8 mu gihe akoresha Twitter yifashishije imashini, ku bakoresha Twitter ku materefone nabo bakaza barakarihira amadorali 11 ku kwezi.

Amashirahamwe yipfuza kukagira akariha 1,000 c’amadorali ku ncuro ya mbere akigasaba, yamara kukaronka akazoza arariha amadorali 50 ku kwezi.

Bamwe mu baraye batakaje ako kamenyetso, barimwo Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko, Donald Trump yahoze ari prezida w’Amerika, Hilary Clinton yigeze kuzejeshwa amabanga atandukanye muri Amerika, ibiro vya prezida wa Kongo n’uwa Tanzaniya, umuhungu wa prezida wa Uganda, Muhoozi Kainerugaba, akoresha cane uru rubuga, Umuririmvyi Beyoncé Knowles, Abakinyi Cristiano Ronaldo, James Harden, Giannis Antetokoun, amashirahamwe mpuzamakungu arimwo Human Rights Watch n’ayandi.

Ku ruhande rw’ibimenyeshamakuru mu vyatakaje ako kamenyesto harimwo mpuzamakungu nk’Ijwi ry’Amerika mu bisata vyayo bitandukanye n’abamenyeshamakuru bayo barimwo abo mu Kirundi n’ikinyarwanda, na BBC y’Abongereza.

Hari bamwe mu vyamamare nka LeBron James n’umwanditsi w’Umunyamerika Stephen King bagumanye akamenyesto kabo k’ubururu naho batarishe.

King yagize ati: “ Twitter yerekana ko nakagumanye kubera narishe. Sinigeze ndiha. Twitter yavuze ko natanze nimero yanje ya terefone kugira ndakagumane. Ntavyo nakoze.”


Mu nyuma, Elon Musk yatangaje ko hari abo yahisemwo kurihira kugira bagumane ako kamenyetso. Zimwe mu ngaruka zimaze kwibonekeza, zirimwo abatanguye kuja barashinga imbuga biyita amazina atari rwabo, bagacishako ubutumwa bushobora kuyovya.

Mu mpinduka nshasha zayo, Twitter yongeyeko utumenyetso tubiri. Kamwe gasa n’umunyota gahabwa abategetsi n’inzego z’ama reta zitandukanye, agasa n’inzahabu nako kagahabwa ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe atandukanye.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP, ritangaza ko kugera ejo ku wa kane, ibice 5 kw’ijana vy’abahora bafise akamenyetso k’ubururu kuri Twitter ari bo bonyene bari bamaze kwemera kuriha kugira bakagumane.

Kukagira, akenshi vyafatwa nk’ukugira igihagararo kuri Twitter, bigatanga n’icizere ku makuru uwugafise atanga.(AP)