Uruja n’uruza rwahungabanye mw’ibarabara ry’icenda rica muri Karitiye ya Buterere ya mbere, ku bw’umwuzure w’uruzi rwa Kinyankonge ya kabiri rwaseseye muri iryo barabara.
Imvura yaguye ijoro ryose rishira ku w’Imana igenekerezo rya 16 ukwezi kwa kane, ikaba yabandanije gushika ku mutaga, yatumye hatera umwuzure uturutse mu ruzi Kinyankonge ya kabiri rwabomokeye mw’ibarabara ry’icenda rya Buterere ya mbere.
Kubw’abanyagihugu baba kuri iryo barabara bagira bati “uruhombo ni runini kuri uyu munsi kuko ntitwashoboye no kwugurura amazu y’ubudandaji yegereye aho hantu habaye umwuzure”. Imodoka zimwe twabonye zirengerwa n’amazi zikazima zigeze hagati bikaba ngombwa ko bazisunika, izindi na zo zahusha ibarabara zigakorokera mu mifurege.
Kubw’abarongoye Karitiye ya mbere ya Buterere ngo iyo ngorane y’umwuzure iterwa n’umuvo muto utwara amazi ya Kinyankonge ya kabiri kandi ari uruzi rwakira amazi menshi harimwo n’ayaturuka mu Carama, mu Gatunguru no ku Mubone. Bavuga yuko ico kibazo bamaze kugishikiriza ku nzego zo hejuru, mbere ngo abo mu biro vy’umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi bakaba barigeze kugendera ico kibanza bazananye n’abagiraneza ico gihe bemeye yuko biteguye gufasha mw’isanurwa ry’uwo muvo usoza amazi ya Kinyankonge ya kabiri.
Iryo barabara ry’icenda muri Karitiye ya Buterere ya mbere ari ryo rikuru muri Zone Buterere rya kaburimbo rigana ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye. Amakenga ni menshi yuko ibintu bishobora kwunyuka mu gihe imvura yasubiye kurara iragwa ijoro ryose rishira ku wa mbere igenekerezo rya 17 ukwezi kwa kane.