Roketi Ziturutse muri Libani Zakomerekeje 1 muri Isirayeli

Abaporisi bahagaze haruhande y'imyotsi yatewe n'amaroketi yatewe avua muri Libani, kw'itariki 6-4-2023

Ibisasu vyo mu bwoko bwa roketi vyatewe muri Isirayeri bivuye muri Libani kuri uyu wa kane. Abategetsi bavuze ko Isirayeri yaciye yishura mu kurasa vya muzinga muri Libani. Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko carashe misire imwe hafi ya Libani.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Isirayeri bitangaza ko amaroketi hafi 30 yatewe aturutse muri Libani, ica kabiri cayo yakorowe atarashika hasi. Serevisi za rusehabaniha za Isirayeri zavuze ko umuntu umwe yakomeretse bidakomeye.

Nta wiyitiriye ivyo bitero, ariko amakuru ava mu bajejwe umutekano yavuze ko umuhari w’abarwanyi b’abanyepalestina muri Libani boba ari bo babikoze. Ariko ngo si umuhari Hezbollah.

Ibi bibaye inyuma y’aho igiporisi ca Isirayeri gikoze umusako ku musigiti w’i Al-Aqsa muri Yerusalemu mu bihe vy’amafungo y’ukwezi kweranda kwa Ramazani.

Isirayeri iri mu bihe vyo guhimbaza akaruhuko ka Pasika. Inyuma y’ivyo bitero vyaturutse muri Libani, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yaciye atumako inama y’abashikiranganji begwa n’umutekano. (VOA News)