Reta ya Isirayeri Ntivuga Rumwe kw'Itunganywa ry'Igisata c'Ubutungane

Prezida wa Isirayeri Isaac Herzog

Prezida wa Isirayeri, Isaac Herzog, uno musi ku wa mbere, yasavye umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, guheba imigambi yiwe y'uguhindura ukugene urwego rukuru rw'ubutungane rutunganije mu gihugu. Ni mu gihe ishirahamwe rikomeye cane ry'abakozi mu gihugu ryagirishije imyiyerekano y'ukwiyamiriza iyo migambi.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, Prezida Herzog, yatangaje ko umutekano, ubutunzi bigeramiwe, co kimwe n’abanyagihugu. Yamenyesheje ko ku neza y’ubumwe bw’igihugu asavye reta guhagarika integuro y’itegeko rigenewe guhindura ukugene urwego rukuru w’igihugu rukora. Herzog yasavye urunani rw’imigambwe iri ku butegetsi n’imigambwe itavuga rumwe na reta gushira abanyagihugu imbere y’ibindi yose. Yamenyesheje ko iki ari igihe c’ukwerekana ubuyobozi bwiza n’ingendo y’igishingantahe.

Imyiyerekano y’ishirahamwe rikomeye ry’abakozi mu gihugu, Histadrut, riserukira abakozi barenga 700.000 bo mu bisata vy’amagara y’abantu, gutwara abantu n’ibintu n’amabanki ishobora kugeramira bikomeye ibice bitari bike vy’ubutunzi bw’igihugu, busanzwe bucumbagira muri iki gihe. Iyo myiyerekano igenewe kuremera kurushiriza umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, kugira ahagarike imigambi yiwe y’uguhindura ukugene igisata c’ubutungane gikora.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi, mu masaha ya kare y’uno musi ku wa mbere, buzuranye mu mabarabara mu bisagara bitandukanye vyo muri Isirayeri, aho berekanye ishavu ryabo inyuma y’uko umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu yirukanye giturumbuka umushikiranganji wiwe ajejwe kwivuna abansi kubera yatangaje ku mugaragaro ko adashigikiye imigambi yiwe y’uguhindura ukugene igisata c’ubutungane gikora.

Abari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Tel Aviv, bazibiye ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara, mu gihe igipolisi cahaganye n’abari mu myiyerekano bari bakoraniye hanze y’inzu ya Netanyahu mu gisagara ca Yerusalemu. Imyiyerekano yabaye kandi hanze y’inyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Isirayeri, Knesset. (VOA NEWS)