Prezida w'Amerika Arakira Chanseliye w'Ubudagi

Prezida w'Amerika na Chanseliyeri w'Ubudagi

Prezida wa reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, uno musi ku wa gatanu, arakira shanseliye w'Ubudagi, Olaf Scholz, mu ngoro iwe, Maison Blanche. Baza kuganira ku vyerekeye kubandanya gushigikira Ukraine, hamwe no gufashanya hagati y'ibihugu vyabo ku bibazo bijanye n'umutekano n'ubutunzi mu makungu.

Abo bategetsi babiri babonanye ubwa mbere mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze inyuma gatoyi y’uko Scholz ashitse ku butegetsi. Urugendo rwiwe rubaye inyuma y’ikiringo kingana n’umwaka Uburusiya buteye Ukraine.

Umuvugizi w’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa kane ko bariko bakorana n’Ubudagi ku bijanye no gushigikira Ukraine mu gihe ico gihugu kiriko civuna ibitero vy’Uburusiya, harimwo kugiha ibimodoka vya burende.

John Kirby yatangaje ko Ubudagi bwahaye Ukraine ibirwansiho birasa za misile birimo n’indege z’ingwano. Yamenyesheje guha izindi mfashanyo Ukraine biri mu vyo Prezida Biden aza kuganira na shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz. Yongeye

kandi amenyesha ko Reta ya Amerika iza gutanganza izindi mfashanyo za gisirikare zizohabwa Ukraine mu mpera z’uno musi ku wa gatanu.

Shanseliye Olaf Scholz, ejo ku musi wa kane, yarashikirije ijambo inama nshingamateka y’Ubudagi. Yasavye Ubushinwa gukoresha imigenderanire myiza yabwo n’Uburusiya kugira bwumvishe ico gihugu gukura inteko zaco muri Ukraine, hamwe no kudaha ibindi birwanisho Uburusiya. (VOA NEWS)