Kenya mu Ruhigi rw'Abasuma mu Ntara ya Rift Valley

Ikarata ya Kenya

Abajejwe umutekano muri Kenya batanguje ibikorwa vyo gutuza abasuma mu ntara ya Rift Valley mu buraruko bw’igihugu.

Igiporisi co muri Kenya, gifadikanije n’igisirikare, biri mu ruhigi rw’abasuma bama bateye abanyagihugu, n’abajejwe umutekano no kwiba ibitungwa vy’abanyagihugu.

Prezida William Ruto yatanze itegeko ryo kubahiga, inyuma y’aho abaporisi batatu biciwe, abandi umunani barakomereka baguye mu mutego, mu gisagara ca Kainuk, muri komine ya Turkana.

Abasuma bamaze imyaka irenga cumi batera abanyagihugu, babasahura n’ibitungwa. Ibi bikunze gutuma abanyagihugu basubiranamwo mu kwagirizanya ubwo busuma. Umukuru w’igiporisi muri Kenya, Japhet Koome, ku musi wa kabiri yasavye abanyagihugu guhagarika kurwana hagati yabo, igihe yagendera iyo komine.

Reta yahaye abo basuma imisi itatu ngo bazobe batanze ibirwanisho vyabo.

Ivyo bikorwa vya gisirikare bizobamwo no kugarura ibitungwa vyibwe no gucungera umutekano ku mabarabara makuru makuru kugira uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu rusubire ata nkomanzi muri ako karere. (VOA News)