Umurundi ari mu Bakora Indege Yaronse Agashimwe k'Umwirabure Yaranze Umwaka wa 2023

George Ndayizeye

George Ndayizeye, umurundi akora muri Sosiyete ikora indege ya Boeing ifise icicaro gikuru cayo mu gisagara ca Seattle, muri Reta ya Washington, yatsindiye agashimwe k’umwirabure yaranze umwaka w’i 2023.

Yaronse ako gashimwe kubera intererano ntangere yagize muri iyo sosiyete aho asanzwe ari umuhinga (Ingenieur) akomeye araba ukugene indege zubatse, akaraba ko ata tunenge zifise, kandi ko zubatse ku mategeko. Mu ndege yakoreyeko, harimwo indege izotwara prezida w'Amerika. Yakiriye ako gashimwe kw’italiki 11 y’uku kwezi kwa kabiri.

Yavuganye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Fidele Niyongabo, amubwira ukugene yakiye ako gashimwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Umurundi ari mu Bakora Indege Yaronse Agashimwe k'Umwirabure Yaranze Umwaka wa 2023