Imyiyerekano yo Gusaba ko Imyaka y'iza Bukuru mu Bufaransa Ija ku 64

Abakoze imyiyerekano

Abakoze imyiyerekano

Ibice bitandukanye vy’Ubufaransa vyazindukiyemwo imyiyerekano y’abasaba ko imyaka yo kuja mu buruhuko bw’iza bukuru ivanwa ku 62 igashirwa ku 64.

Abashingamateka b’Ubufaransa batanguye kwiga ku itegeko ry’izo mpinduka muri ino ndwi.

Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron arashigikiye ko imyaka yo kuja mu za bukuru iva ku 62 ikaja ku 64. Bamwe mu batavuga rumwe nawe yamara bo bashaka ahubwo ko iva ku 62 ikaja ku 60.