Leta y’Uburundi imenyesha abadandaza batekera ibidandazwa mu macupa atameneka yakoreshejwe kenshi ko atazosubira gukoreshwa ku butaka Bw’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 26 k'uno kwezi kwa kabiri.
Abo badandaza babona ko iyo ngingo yafashwe gihutihuti mu gihe batabona ibindi bitekezo Leta yateguye.
Hashize indwi irenze, ikigo BBN kijejwe kugenzura ubuziranenge gitangaje ko ayo macupa atameneka afise ingaruka mbi ku magara y’abantu. Severin Sindayikengera ayoboye ico kigo akavuga ko iyo abantu bihereje ibitekewe muri ayo macupa atameneka bahandurira ingwara ya kanseri.
Umunyagihugu ariko atororokanya amcupa ya plastike
Abadandariza mu masoko atandukanye yo mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura bari mu bifashisha ku bwinshi ayo macupa atameneka. Babwiye abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ko iyo ngingo bayumvise, ariko ko igoye gushira mu ngiro.
Abo badandaza bafise amakenga kuri iyo ngingo bavuga ko yafashwe gihutihuti. Kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika basaba Leta kuzana ibitekezo bisubirira ivyo bahora bikora ko.
Ayo macupa yahora akoreshwa n’abadandaza bo mu masoko yose yo ku butaka bw’Uburundi, hari abandi yahora atunze mu buzima bwa misi yose, ni abayegeranya bayakuye ahatabwa imicafu canke mu nzuzi.
Kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa kabiri uno mwaka nta mudandaza n’umwe wo ku butaka bw’Uburundi azoba arekuriwe gutekera amavuta ayo ari yo yose canke imitobe muri ayo macupa atameneka.
Ikigo BBN gisaba abanyamitahe bakorera ku butaka bw’Uburundi gushinga vuba amahinguriro y’ibitekezo bishasha bishobora gutekerwamwo kenshi kandi bidafise ingaruka mbi ku buzima bwa kiremwa muntu.
Ingingo ya Leta yo kubuza ikoreshwa ry’amacupa atameneka yakoreshejwe kenshi kubera agira ingaruka mbi ku magara y’abantu ije ikurikira iyafashwe mu mwaka wa 2018. Ico gihe Leta yari irongowe n'Umuhisi Petero Nkurunziza yafuse burundu ikoreshwa ry’ubumwanya butabora kuko bwari bufise ingaruka mbi ku bidukikije.