Amerika Isaba Sudani Gusubira Gufata Uwishe John Granville

Umudiplomate wa Amerika, John Granville yifotoza n'abanyagihugu

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yasavye reta ya Sudani gukoresha inzira zose zijanye n’amategeko ikisubirako ku ngingo yafashe mu ndwi iheze yo kubohora umunyesudani yaciriye urwo gupfa yagirizwa kwica umudipolomate w’umunyamerika mu 2008.

Abdelraouf Abuzeid yaragiriwe n’icaha co kwica, hamwe n’abandi, inyuma yo kwica umunyamerika John Granville hamwe n’umunyesudani bakorana. Bose bakorera ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mpuzamakungu, USAID. Bishwe barashwe n’umugabo i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, Ned Price yavuze ko basavye reta ya Sudani kwisubirako kuri iyo ngingo no gusubira gufata Abuzeid.

Umuvukanyi wa Abuzeid yavuze ku musi wa mbere ko uwo bavukana yarekuwe na sentare nkuru y’igihugu hisunzwe ko reta yarishe Amerika amamiliyoni y’amadolari y’indishi y’akababaro ku basize ubuzima mu bitero muri Sudani. Avuga ko muri abo harimwo n’uwishe Granville. (Reuters)