Abantu 14 bahasize ubuzima i Yaounde, ku murwa mukuru wa Kameruni, bari ku maziko kuri uyu w’Imana. Buramatari Naseri Paul Bea, w’intara yo hagati ya Senegal, yavuze ko baguweko n’umuzosi wari hejuru y’itongo bariko barahambamwo umunyagihugu yapfuye. Yavuze ko hakiriko hararonderwa abandi boba bapfuye.
Yaounde ni kimwe mu bisagara vyo ku mugabane wa Afrika birwamwo imvura nyinshi kandi kirimwo udusozi tutari duke. Imvura nyinshi yama yateye imyuzure mu gihugu uyu mwaka. Iyo mvura yarononye inyubako zitari nke kandi ikura mu ngo abanyagihugu ibihumbi.
@Reuters