Prezida wa Somaliya Atabariza Abakomerekeye mu Gitero Cahitanye 100

Prezida wa Somaliya Hassan Sheikh Mohamud

Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, yasavye vyihutirwa amakungu gufasha abakomeretse mu bitero vy'amabombe vyihaye inkumbi mu mpera z'iyi ndwi turangije. Vyahitanye ubuzima bw'abantu ijana ku murwa mukuru, Mogadisho.

Mu vyo Reta ya Somaliya harimo gutanga amaraso agenewe gufasha abakomeretse mu bitero vy’amabombe yari yetezwe mu modoka yaturikiye mu kibanza kirimwo uruja n’uruza rukomeye rw’imodoka n’abantu ku murwa mukuru, Mogadisho, ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Vyakwirikiye ukurasana kwabaye mu gitero cari kigenewe inyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe indero.

Ico kibanza nyene carabereyemwo ikindi gitero kw’italiki 14 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2017. Ico gihe, ikamyo yari yuzuye amabombe yarahaturikiye ihitana abantu 512 abandi barenga 290 barakomereka. Ni co gitero cihanye inkumbi kurusha ibindi bitero vyabaye muri Somaliya.

Uno musi ku wa Mbere, ibimashini vyabandanije gukuraho ibisigarira vy’ivyasambutse ahabereye igitero. Hari mu ntumbero y’ukurondera ibiziga vyoba vyari bikiri musi y’ivyo bisigarira.

Umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida wiyitiriye ibitero vyabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Ibiro vya prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Maison Blanche, vyariyamirije ku musi w’Imana ibitero vy’iterabwoba vyabereye ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. (AFP)