Amerika Yagiriza Abasirikare ba Irani ko Bariko Barafasha Uburusiya muri Ukraine

Umunyamabanga mukuru ajejwe ivyo gutanga amakuru muri Pentagone, Brigadier Jenerali Patrick Ryder

Ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagone, bivuga ko hari abasirikare ba Irani bariko barafasha Uburusiya mu ntambara irimwo na Ukraine.

Pentagone yatangaje ko abo basirikare ba Irani bari ku rubuga muri Ukraine, aho ahanini bafasha mu gukoresha utudege tutagira umudereva (Drones), tumaze igihe dukora ico Pentagone yise iterabwoba muri Ukraine, twongera tugaba ibitero ahari ingomero z’umuyagankuba.

Umunyamabanga mukuru ajejwe ivyo gutanga amakuru muri Pentagone, Brigadier Jenerali Patrick Ryder, yabwiye abamenyeshamamakuru ko ibitero bikorwa n’izo drone biba bihagarikiwe n’abasirikare ba Irani.

Abamenyeshamakuru babajije ico avuga ku Burusiya bwahakanye ko ata tudege twa Irani Uburusiya buriko burakoresha muri Ukraine, yishuye ati: “Nta wobideha, barabesha.”

Brigadier Jenerali Patrick Ryder ikindi yavuze ni uko Uburusiya kubera gukeherwa n’ibirwanisho, buriko bwikora kuri Irani na Koreya ya Ruguru. Yagirije Irani atarya umunwa gukovya mw’iterabwoba "Uburusiya buriko bukora mu makungu"