Abaguye mu Myiyerekano Yiyamiriza Prezida wa Cadi Bageze ku 50

Bamwe mu baguye mu myiyerekano y'ejo ku kane

Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika wiyamiriza wivuye inyuma imvururu zaraye zihitanye abagera kuri 50 muri Cadi.

Abagera ku 300 ni bo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye muri izo mvururu zabaye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ko prezida Mahamat Déby Itno aguma ku burongozi bw’ico gihugu.

Ibiharuro vya nyuma vyatanzwe n’abari ku rubuga, vyerekana ko muri abo 50 baraye bahitanywe n’ugushamirana kwabaye hagati y’abajejwe umutekano n’abiyerekana, harimwo 10 bari mu bajejwe gucungera umutekano.

I N’Djamena ku murwa mukuru wa Cadi, abiyerekana barononye inyubakwa zimwe zimwe zirimwo iza Reta, ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, n’ ivy’umukuru w’inama nshingamateka.

Izindi mpande ziri mu zateye ivyatsi imvururu zibonekeje mu myiyerekano yaraye ibaye muri Cadi, zirimwo Ubufaransa bumaze iminsi buri mu bihugu vyiyamirizwa mu karere Cadi irimwo, bwasohoye itangazo ritera ivyatsi “inguvu” bwavuze ko polisi yakoresheje mu kuburizamwo imyiyerekano y’ejo ku wa kane.

Ikiringo c’imyaka ibiri y’imfatakibanza Prezida Mahamat Idriss Déby Itno yari yarahawe caheze ejo ku wa kane. Abiyerekana bamwagiriza ko ashaka kumira ku butegetsi.