Umuyobozi mukuru w'ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI, Kristalina Georgieva yatangaje ko afise icizere ko utwigoro tw'ugusubira kuganira gushasha amadeni y'ibihugu vya Zambia na Chad tuzoshobora guherahezwa mu mpera z'uyu mwaka mu bizotuma ibindi bihugu birondera gufashwa.
Georgieva, mw’ijambo yashikirije mu ntango y’amanama yama aba uko umwaka utashe y’ikigega mpuzamakungu FMI n’ibanki y’isi yose, yatangaje ko umugambi watangujwe mu mpera z’umwaka w’i 2020 n’umurwi G20 ugizwe n’ibihugu biteye imbere n’ibiriko biratera imbere mu butunzi kw’isi wikweze mu kuja mu ngiro.
Yamara yerekanye icizere ko ku vyerekeye Chad na Zambiya hamwe na Etiyopiya bizoba ibihugu vya mbere bizosaba gufashwa.
Georgieva amenyesha ko ikigega mpuzamakungu c’amafranga, FMI, kiriko kirondera gufasha ibihugu vyabisavye hisunzwe imigambi yategekanijwe n’umurwi G20 ugizwe n’ibihugu biteye imbere n’ibiriko biratera imbere kw’isi.
Abategetsi b’ikigega FMI n’ibanki y’isi yose badomye urutoke ku gihugu c’Ubushinwa, giha amadeni menshi cane ibihugu bitari bike vyo muri Afrika ku vyerekeye kwikwega ku bijanye n’ukugabanya umuzigo w’amadeni bifitiye ico gihugu.
Reta ya Zambiya yabwiye abanyamitahe ku musi wa gatanu w’indwi irangiye ko yizeye ko izokwumvikana n’abatanga amadeni ku vyerekeye kuyorohereza ku bijanye n’ukuyariha mu mpera z’umwaka canke mu ntango z’umwaka w’i 2023.