Uburundi Busaba ONU Kwemera Intambwe Bwateye no Gushigikira Kongo

Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo mu nama rusangi ya ONU igira 77 ibandanya kubera muri Reta ya New York. Prezida Ndayishimiye muri iryo jambo, yemereye amakungu ko Reta aramustwa izobungabunga imigenderanire myiza, yemeza ko Uburundi busigaye bufitaniye n'amakungu inyuma y'igihe " kirekire yamaze isinzikaye."

Ibice bitandukanye vy'iryo jambo ryamaze iminota irenga 20, vyaranzwe n’ibibazo vy’umutekano yibukije ko bihanze isi yose ariko vy’umwihariko, ashimikira kuri Republika ya demokarasi ya Kongo yavugiye umwanya munini. Prezida Ndayishimiye yumvikanishije ko igihugu ciwe ciyemeje gufasha Kongo mu kuva mu ntureka imazemwo igihe, asaba ONU gushigikira amasezerano aheruka kubera I Nairobi muri Kenya agamije gutorera umuti ibibazo vy’umutekano muke wa Kongo.

Prezida Ndayishimiye yishimiye ko mu vyo Uburundi bumaze gufasha Kongo, harimwo ukwakirana igishika abanyagihugu bayo bahunga ingwano. Ikibazo c’impunzi Uburundi bufise mu bihugu vy’akarere birimwo Kongo ntaco ariko yakivuzeko. Gusa, yabwiye ONU ko Uburundi buzirikana ko amakungu yagize uruhara rukomeye mu co yise “Indyane zitavanako zaburanze”, yemeza ko izo ndyane zaheze. Aha ariko, aragwa akagaruka, mu gutunga agatoke kuri bamwe mu bakozi ba ONU yagiriza kubangamira Demokarasi:

Yagize ati: “ Bamwe mu bakozi ba rino shirahamwe ryacu, barabangamiye intambwe ishimishije twateye, mu kwitiranya politike na demokarasi hamwe n’ukudahana. Mu bihugu bitandukanye, birimwo na rwanje, igihe cose demokarasi ishinze imizi, abakozi bamwe bamwe ba ONU bayitesha agaciro mu kuyita ayandi mazina…, gutyo bakaba batugumije mu matati adakenewe. Abakozi ba ONU bamwe bamwe baratesha agaciro ibikorwa vyacu”

Prezida Ndayishimiye, kuri ino ngingo, yagiriyeko yisabira ONU kwemera ko Uburundi bufise aho bwigejeje mu myaka 17 iheze umugambwe akomokamwo uri ku butegetsi, yumvikansisha ko imirimo y'imirwi ya ONU n’amabiro amwe amwe y’iryo shirahamwe akorera ku Burundi bitakiri ngombwa. Yasavye ONU kuvana igihugu ciwe ku rutonde rw’ibihugu bijegajega mu bisata nkoramutima. yemeza ko igisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi gishimishije agira ati: “ Ubutungane kuri bose ubu bubarizwa mu Burundi. Ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro no gutangaza amakuru birubahirijwe ku butaka bwose bw’Uburundi. Ariko, bamwe mu bakozi b’ishirahamwe ryacu barabangamiye ino ntambwe.”.

Kuri ino ngingo, amashirahamwe yigenga arimwo ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, RSF, na Human Right Watch abicishije mu vyegeranyo vyayo vy’uno mwaka, aremeranya na Ndayishimiye ko Uburundi hari intambwe bwateye, muri zo harimwo kurekura abamenyeshamakuru bari bapfunzwe, no kugurura amwe mu maradiyo yari yarugawe mu 2015. Ayo mashirahamwe yamara asanga hari twa sorobo twinshi tukihari: "Iyugarwa rya FM z’iradiyo y'abanyamerika, Ijwi ry’Amerika, abamenyeshamakuru barenga 100 bakiri mu buhungiro, amaradiyo yigenga acugaye, ukutisanzura kwuzuye ku banyamwuga bari ku rubuga. "

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Ijambo Prezida Ndayishimiye Yavugiye muri ONU