Prezida w'Uburundi Yakomboye Umushikiranganji wa Mbere

  • Diane Nininahazwe

Alain Guillaume Bunyoni

Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Alain Guillaume Bunyoni, yakombowe mu mabanga yiwe. Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarungikiye inama nshingamateka y'Uburundi izina rya Gervais Ndirakobuca, kugira bemeze canke bahakane ko yosubirira Bunyoni muri ayo mabanga.

Gervais Ndirakobuca yari asanzwe ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry'amakomine n'umutekano. Ibindi kuri ino nkuru turabigarukako mu kanya.