Sudani: Ababarirwa mu Bihumbi Basenyewe n’Imyuzure

Imyuzure muri Sudani yasenyuye amazu 2,500 mu buserurko bwa Sudani. Ivyo vyatumye abantu ibihumbi n'ibihumbi batagira aho bakika umusaya mu ntara yari isanzwe isinzikajwe n'ubukene.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SUNA, ryatangaje ko ayandi mazu 546 yasambuwe n’imyuzure mu ntara ya River Nile.

Kuva igihe c’agatasi gitanguye muri Sudani mu kwezi kwa gatanu, ibiro bikwirikirana ibibazo vyo kwitaho imbabare mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyatangaje ko abantu bagera ku 38,000 basinzikajwe n’imyuzure muri ico gihugu.

Gushika ubu, ibice vyasinzikaye kurusha ibindi birimwo intara za Kassala, Darfur yo mu bumanuko, Darfur yo hagati, Kordofan yo mu bumanuko, White Nile na River Nile.

Igitigiri c’abahitanywe n’imyuzure mu gihugu cose ntikiramenyekana.

Ku musi wa gatatu, itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Sudani ryaratangaje ko abana 2 bishwe igihe imyuzure yasenyura inzu babamwo mu ntara ya White Nile iri hagati mu gihugu.

Abandi bantu 6 barapfuye, abandi batari bake igitigiri cabo kitemejwe barakometse igihe amazu yabo yasenyuka,ayandi agatwarwa n’imyuzure mu ntara ya Darfur yo hagati.

Mu kwezi guheze, ishirahamwe ONU ryaratangaje ko imyuzure yahitanye abandi bantu 12 mu ntara ya Darfur yo mu bumanuko.

Mu bisanzwe igihe c’agatasi muri Sudani gishika mu kwezi kw’icenda. Inyuzure ikomeye yibonekeza hagati y’ukwezi kw’umunani n’ukwezi kw’icenda.

Mu mwaka w’i 2021, abantu barenga 314,000 barageramiwe n’imvura n’imyuzure muri Sudani, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe ONU.