Kharkiv: Ibitero vy'Amabombe vy'Uburusiya Vyahitanye 2 bikomeretsa 19

Mu bapfuye harimwo umwama umwe, mu gihe abandi bantu 4 baremvye bikomeye.

Umushikiranganaji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yatangaje ku musi wa gatatu ko igihugu ciwe gishaka gufata ibice vyo mu bumanuko bw’igihugu biri hanze y’intara ya Donbas.

Sergei Lavrov yamenyesheje ko itazogarukira gusa muri iyo ntara aho abashaka kwiyonkora kuri Ukraine batanye mu mitwe n’inteko z’ico gihugu kuva mu mwaka w’i 2014. Ni igihe Uburusiya bwigarurira intara ya Crimeya. Yashimangiye ko bazobandanya gufata ibindi bice n’iyo ibihugu vyo mu buraruko bw’isi vyabandanya guha Ukraine izindi misike zirasa kure.

Reta zunze ubumwe za Amerika zatangaje ku musi wa gatatu ko zifise imigambi y’ukurungikira Ukraine ibindi bimodoka 4 birasa bene izo misile, hamwe na vya muzinga bindi.

Inteko za Ukraine ziriko zikoresha neza ivyo birwanisho mu guhangana n’inteko z’Uburusiya.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika ku bijanye n’umutekano w’igihugu, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kabiri, ko amakuru y’iperereza ya Amerika yerekana ko Uburusiya buriko bwitegurira kwigarurira burundu ibice vya Ukraine bugenzura. Ivyo mu birenga ku bwigenge n’iyubahirizwa ry’imbibe z’ico gihugu.

John Kirby yamenyesheje ko mu bice Uburusiya bufise ibigambi y’ukwigarurira burundu harimwo, Kherson, Zaporizhia, intara zose za ya Donetsk na Luhansk.(VOA News)