Prezida w'Amerika Azokorana Inama n'Abategetsi ba Afurika

Prezida Joe Biden na Kenyatta wa Kenya

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden uyu musi ku wa gatatu yatangaje inama nkuru ategekanya gutunganya n’abategetsi barongoye ibihugu vyo muri Afrika, hagati mu kwezi kwa 12

Iyo nama nkuru hagati ya Amerika n’abategetsi barongoye ibihugu vyo muri Afrika, itegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika ku rya 15 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Biden yavuze ko iyo nama ifise intumbero yo kwerekana akamaro k’imigenderanire ya Afrika na Amerika. Izotanga kandi akaryo ko gukomeza gukorana n’ivyo bihugu ku bibazo nkoramutima vyihutirwa, bihanze amakungu.

Umutegetsi akomeye akora muri reta ya Prezida Biden, atashatse ko izina ryiwe ritangazwa, yavuze ko abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika 50 ari bo bitezwe muri iyo nama.

Iyo nama izoba mu mpera z’uyu mwaka, izoba ibaye inyuma y’ingendo Prezida Biden azoba yagize mu yindi migabane icuditse na Amerika, irimwo Aziya, Uburaya hamwe no mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati.

Biden ntaragendera umugabane wa Afrika kuva agiye ku butegetsi. Inama yo mu kwezi kwa cumin a kabiri izoba ari akaryo kuri we ko kurabira hamwe n’abo bategetsi ibintu vyose biyerekeye.