Imyaka Ibiri Iraheze Perezida Nkurunziza Ashengeye

Pierre Nkurunziza yahoze ari perezida w'Uburundi

Uburundi bwahimbaje ku ncuro igira kabiri umusi mukuru wahariwe kwibuka "imboneza kizigenza y’Uburundi ", Petero Nkurunziza, no gukunda igihugu. Umukuru w’igihugu akaba asaba abarundi gukunda igihugu bagafatira "akarorero kw’iragi rya Petero Nkurunziza. "

Uwo musi mukuru wahimbarijwe i Gitega ku mugwa mukuru wa politike.
Abategetsi b’Uburundi hafi ya bose bari bitavye ivyo birori vyari bitumiwemwo kandi abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abanyagihugu. Hatanguye umuhango wo gushira amashugwe k’untatemwa ya Petero Nkurunziza. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yasiguriye abitavye ivyo birori ico Petero Nkurunziza yamariye Uburundi n’Abarundi mu myaka yakirongoye aca amenyesha insiguro y’uwo musi mukuru.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Your browser doesn’t support HTML5

Wibukira Iki kuri Pierre Nkurunziza?