Burundi: PARCEM Igiye Gukurikirana Ingene Reta Ikoresha Amafaranga

Faustin Ndikumana atwara Parcem

Ishirahamwe PARCEM rikurikiranira hafi ivy’ubutunzi mu Burundi, ryashize ahabona integuro y'ibikorwa bigizwe n'ingingo umunani, yise "Amahera yacu, uburenganzira bwacu". Iyi Programu itegekanya gufasha mu kugenzura uko amafaranga ya Reta y'Uburundi akoreshwa mu bisata bitandukanye .

Ni programu izomara imyaka itanu yashikirijwe abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu n’ishirahamwe PARCEM rifise intumbero yo guhamagarira abarundi guhindura ingendo no gukurikiranira hafi ivy’ubutunzi n’intwaro ibereye mu Burundi. Iradiyo Ijwi ry’Amerika yavuganye na Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe kuri Telephone atubwira ko iyi nteguro ije gufasha kumenya uko amafaranga ya Reta y’Uburundi akoreshwa .

Faustin Ndikumana abandanya avuga ko iyo nteguro izonafasha mu kumenya uturwi tw’abantu bari bamaze kwimonogoza mu kunyuruza itunga rya Reta ndetse kandi ko n’umunyagihugu muto nawe azobasha gutahura ikoreshwa ry'amafaranga y'imigambi ya Reta itandukanye biciye mu nyandiko zibanogeye.

Ku bwa Janvier Bigirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko, ikibazo kihari mu Burundi ku bijanye n’iyubahirizwa ry’amatungo ya Leta ni ukutubahiriza amategeko mu bugenzuzi.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Thierryve Ndayishimiye

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: "Amafaranga yacu, Uburenganzira Bwacu”