USA: Sena Yemeje Umwiraburekazi wa Mbere muri Sentare Ntahinyuzwa ya Amerika

Ketanji Brown Jackson

Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika yemeje umucamanza Ketanji Brown Jackson kuba umwe mu bagize sentare ntahinyuzwa y’Amerika. Yemejwe kuri uyu wa kane ku majwi 52-47. Abaye umukenyezi wa mbere w’umwirabure ashashe muri iyo sentare ihambaye y’Amerika

Kubo mu mugambwe w’abademokrate hamwe na perezidanse y’Amerika, White House, kwemeza uyu mucamanza gusasa muri iyo sentare ubuzima bwiwe bwose yabaye intsinzi ironswe ariko yarondewe imyaka itari mike.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, umunyamerikakazi w’umwirabure, Linda Thomas-Greenfield yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ahimbawe nuko ivyo vyabaye naho vyari vyaratevye.

Umucamanza Ketanji Brown Jackson ahambije abandi bakenyezi batatu bashashe muri iyo sentare ari bo Sonia Sotomayor, Elena Kagan na Amy Coney Barrett kandi bubaye ubwa mbere iyo sentare ibamwo abakenyezi bane icarimwe.