Nyamugigima Yishe Abantu 2 mu Buraruko bw'Ubuyapani

ibidandaza vyatatanywe na nyamugigima i Sendai, muri perefegitura ya Miyagi, mu Buyapani, kw'itariki ya 17/03/2022

ibidandaza vyatatanywe na nyamugigima i Sendai, muri perefegitura ya Miyagi, mu Buyapani, kw'itariki ya 17/03/2022

Nyamugigima y’igipimo ca manyitide 7.4 yaciye kuri uyu wa gatatu ku nkengera y’izinga rya Fukushima, mu Buyapani yahitanye abantu 2, ikomeretsa abashika 100 yongera isiga abarenga imiriyoni zibiri batagira umuyagankuba mu karere ka Tokyo.

Aka karere kandi karahitanywe na nyamugigima mu 2011, aho ico gihe hapfuye abantu ibihumbi.

Abategetsi barabandanya gutororokanya ivyononekaye, bagabisha abanyagihugu gukora ivyo bakora mu kwiyubara.

@AP