Rwanda: Impunzi Zirangura Ibikorwa Vyunguka Zizoronswa Ingurane

Impunzi zidandaza ibiribwa mu isoko ryo mu nkambi ya Mahama

Ubushikiranganji bushinzwe impunzi mu gihugu c’u Rwanda buhamagarira impunzi zifise canke zirangura ibikorwa bivyara inyungu kwegera amabanki n’ibigo bitanga ingurane kugira zihabwe amadeni yo kwiteza imbere.

Amafranga izo mpunzi zigwiriyemwo Abarundi n’Abakongomani bazohabwa ni ayarenga gato imiliyaridi 10 y’amanyarwanda aherutse gutangwa n’Ibanki y’Isi yose (Banque Mondiale) kugira imibereho yisununure ku mpunzi n’abanyarwanda baba hafi y’amakambi.

Ku madeni izo mpunzi zifata mu ma banki, bazoheberwa hafi igice c’ayo. Impunzi zirashima ariko zikemeza ko zifise ikibazo co kuronka ingwati.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru yakurikiranye ino nkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Impunzi zo mu Rwanda Zemerewe Ingurane ku Mishinga Yunguka