Igisirikare ca Nijeriya Cemeza ko Cishe Abasuma Barenga 50

Abasirikare ba Nijeriya mu Gukizura

Indege z’intambara za kajugujugu za Nijerira zarishe abasuma barenga 50 mu gitero zakoze mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Ibi vyavuzwe n’abategetsi bo muri ako karere kuri uyu wa kabiri.

Imigwi y’abitwaje ibirwanisho bikomeye bazwi muri ako karere nk’abasuma, imaze imyaka ikora iterabwoba mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya. Bagirizwa gusambura no gusahura imihana y’abanyagihugu, ariko kandi ibitero vyabo vyarasheshe amaraso menshi mu mezi aheze.

Samuel Aruwan, umutegetsi ajejwe igisata c’umutekano muri iyo ntara, yavuze ko abo basuma biciwe mu ntara ya Birnin Gwari, muri reta ya Kaduna. Yavuze kandi ko bari ku mapikipiki barindiriye gutega abasirikare ba reta ku butaka.

Akarere k’uburaruko bushira uburengero no hagati muri Nijeria kamaze imyaka mu bitero hagati y’imiryango y’aborozi hamwe n’abarimyi bama batanye mu mitwe bapfa amazi n’ubutaka.

Ariko ubwo bwicanyi bwunyuwe n’ingendo yo kunyuruza abantu kivunga ikorwa n’imigwi y’intagondwa, aho uyu mwaka banyuruje abanyeshure batari bake basaba inshumbusho imbere yo kubarekura.