Murisanga:Inyishu ku Bibazo vy'Incanco za Covid-19

  • Diane Nininahazwe

Your browser doesn’t support HTML5

Ejo ku musi wa kane, Uburundi buzokwakira incanco za mbere zo gukinga ikiza ca Virusi ya Corona. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu bwatangaje ko abazocandarwa ba mbere ari abakora mu gisata c’amagara y’abantu, abafise ingwara zidakira, abari hejuru y’imyaka 60 hama hakurikire abavyipfuza bandi. Doze zizoshika ejo, ni ibihumbi 500 zo mu bwoko bwa Sinopharm, zatanzwe nk’ingabire n’igihugu c’Ubushinwa. Muri Murisanga y’uno musi iremeshejwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, Muganga Arsene Nzobandora, umuhinga mu vy'indwara zandukira no gucandaga akaba asanzwe ari n'icegera c’umuyobozi ajejwe gukinga ivy’indwara zandukira mu karere ka Kalmar kari mu buseruko bushira uburengero bwa Suede, aratanga umuco ku bibazo bitandukanye biraba incanco za Covid-19, ubwandu bwayo,n' imiti iriko irageragezwa,