Uburundi Bwagiriza Iterabwoba Sinduhije, Nyamoya na Barankitse

Gerenade

Ubutungane bw’Uburundi bwagiriza abantu batari bake barimwo Alexis Sinduhije atwara umugambwe MSD, François Nyamoya umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe hamwe na Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom ko ari bo bari inyuma y’ibitero vy’amagerenade amaze imisi aterwa mu gisagaraca ca Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba w’ejo kuwa gatatu i Bujumbura, Sylvestre Nyandwi yemeje ko amatohoza ya mbere yerekana ko ari ibitero vy’iterabwoba kandi ko abo bantu barungikiwe imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika.

Yamara, umwe muri abo bagirizwa, François Nyamoya, ariyamiriza yivuye inyuma ivyo bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Inkuru iramvuye mu majwi, muyishikirizwa n'umumenyesshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda, Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Abakekwa Kugira Uruhara muri Ivyo Bitero Bugururiwe Dosiye