Umunyarwanda Yiciwe muri Mozambike n'Abantu Bataramenyekana

Ikarata yerekana Maputo, umurwa mukuru wa Mozambique

Umwenegihugu w’u Rwanda yishwe ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, i Maputo muri Mozambique. Abamwishe ntibaramenyekana kandi ntibarafatwa. Uwo nyakwigendera, Revocat Karemangingo, yari umudandaza yateye imbere, yari afise amaduka adandazamwo inzoga hamwe n’imiti.

Igiporisi ca Mozambique cabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo munyarwanda yiciwe mu kibano c’i Matola, mu ntara ya Maputo, ariko nta makuru y’ingene yishwe catanze. Cemeye kuzogira ico kibivuzeko kuri uyu wa kabiri.

Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’abanyarwanda baba muri Mozambike, yavuze ko uwishwe yaba muri ico gihugu kuva mu myaka ya za 1990, kandi yari yarahawe ubuhungiro.

Ikimenyeshamakuru co muri Mozambike, Evidências, canditse ko Habiyaremye Cleophas, aserukira abanyarwanda baba muri Mozambique, yavuze ko ubu bwicanyi bufitaniye isano n’ubucuti bwa hafi buri hagati y’ico gihugu n’u Rwanda muri kino gihe. Avuga kandi ko ubuzima bw’impunzi butakiri nk’uko bwahoze mbere.

Mu vyatangajwe n'ikinyamakuru "Evidencias", Habiyaremye agira ati: "kuva aho igisirikare c’u Rwanda gishikiye mu ntara ya Cabo Delgado, tubayeho mu bwoba bw’umutekano muke. Buri musi, ibimenyeshamakuru vy’u Rwanda vyaramuvuga hamwe n’abandi baronderwa n’ubutegetsi bw’u Rwanda. Twari twiteze ko umwanya n’umwanya ibi vyari gushika. Twaramenyesheje ikigo kijejwe gufasha impunzi ko hari intambamyi, ariko nta na kimwe cakozwe”.

Mu ntango z'ukwezi kwa Gatandatu uyu mwaka, uwundi munyarwanda yitwa Cassien Ntamuhanga yari yarahungiye muri Mozambique, yaraburiwe irengero. Kugeza ubu, caba igiporisi ca Mozambique canke ishirahamwe ry'Abanyarwanda muri ico gihugu, ntibiramenya aho aherereye.

Bamwe mu baharanira uburenganzira bwa muntu n'abanyarwanda baba muri Mozambike bakeka ko yoba yararungitswe mu Rwanda mu buryo bunyuranye n'amategeko.