Zambiya Yatanguye Kubarura Amajwi y'Amatora

Kugenzura no kubarura amajwi muri Zambiya

Amajwi y’ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashiganateka yabaye ejo ku musi wa kane, muri Zambia, ariko araharurwa.

Prezida Edgar Lungu yahiganywe n’umukandida atavuga rumwe nawe, Hakainde Hichilema. Imbunga ngurukanabumenyi zari zugawe, yamara ntaco reta yavuze kw’iryo yugarwa. Ivyo bishobora gutuma abantu binubira ibizova muri ayo matora.

Akoresheje urubuga Twitter, Hichilema yagirije umugambwe uri ku butegetsi kuba ariwo wategetse iyugarwa ry’iyo mihora. Yasavye urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura ihanahana ry’amakuru gusubira kwugurura iyo mihora kugira abanyagihugu bashobore gukwirikirana uko amatora yagenze, kandi babandanye ubuzima bwabo, ata ntambamyi.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatora, Patrick Nshindano, avuga ko batanguye kuronka ivyavuye mu matora mu bice vyose uko ari 156. Amenyesha ko ibiharuro vya nyuma vy’ivyavuye mu matora bizomenyekana mu masaha 72 inyuma y’uko ibibanza vy’amatora vyugaye.

Urwo rwego ntirwatanze buno nyene ibitigiri vy’abatoye. Yamara imirongo miremire yibonekeje, iri mu vyerekana ko ibitigiri vy’abitavye amatora vyari hejuru.