Sudani Yemeye Kuzoha CPI Omar Bashir

Omar al-Bashir yahoze ari perezida wa Sudani i Khartoum, muri Sudani

Sudani yemeje kuzoha sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Omar al-Bashir hamwe n’abandi bategetsi babiri baronderwa n’iyo sentare ku vyaha vya jenoside n’ivyo mu ntambara ya Darfur. Abategetsi babivuze kuri uyu wa gatatu.

Bashir, w’imyaka 77, amaze imyaka irenga cumi aronderwa na CPI ku vyaha vya Jenoside, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha ku kiremwa muntu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu 300 000 bishwe abandi imiriyoni 2 n’ibihumbi 500 barahunga mu ntambara yo muri Darfur, yatanguye mu mwaka wa 2003.

Umushikiranganji wa Sudani w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mariam al-Mahdi yavuze ko reta yemeye kuzoha CPI abo bategetsi ikeneye, ariko ntiyatanze ikirangamisi c’aho bazotangirwa.

Iyi ngingo ya reta yo gutanga Omar Bashir ifashwe mu gihe umushikirizamanza mukuru wa CPI, Karim Khan ari muri Sudani, ariko biracakenewe ko akanama karongoye Sudani kavyemeza gafatanije n’abasirikare hamwe n’abasivile.

Hasigaye kumenya kandi nimba Bashir azorungikwa kuburanishwa i LaHaye, canke iyo sentare izomuburanishiriza muri Sudani.

Reta zunze ubumwe za Amerika ntiyatevye gushima iyo ngingo ya Sudani, Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bwashikirije ko bushimye ingingo ya Sudani yo guha Omar al-Bashir CPI, buvuga ko ari intambwe ikomeye ikozwe n’ico gihugu kiriko cinjira muri demokarasi.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Ned Price yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika isaba Sudani kubandanya gukorana na CPI mu gutanga abo bose barungikiwe imitahe kuri ubwo bwicanyi.

Amerika imaze imyaka isaba ibihugu kutakira Bashir kubera umutahe wo kumuhagarika wasohowe mu 2009.