Amerika Yarakoze Igitero ca Mbere c'Indege z'Ingwano kuri al-Shabab ku Ntwaro ya Biden

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab muri Somaliya

Mw’itangazo, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bwamenyesheje ko icio gitero cabereye hafi y’ahitwa Galkayo ku bilometero 700 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, Mogadisho.

Mu gihe Amerika yakoze kenshi ibitero vy’indege z’ingwano muri Somaliya ku murwi al-Shabab, ni irya mbere ivyo biba kuva kw’italiki 20 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’i 2021, igihe Biden yashikira icese amabanga y’ukuyobora Amerika.

Umurwi al-Shabab warakoze ibitero vy’amabombe n’inkoho mu bibanza vy’igisirikare ca Reta ya Somaliya n’ibibanza vy’igisivile, harimwo amahoteri, ubunywero n’amashule. Uwo murwi wakoze ivyo bitero muri Somaliya no mu bindi bihugu vyo mu karere.

Umurwi al-Shabab uriko urondera gutembagaza Reta ya Somaliya kugira ushireho amategeko yawo afatiye ku buryo yumva idini rya kiyislamu. (Reuters)