Brezil Yipfuza Kuzokwakira Ihiganwa rya COPA AMERICA

Prezida w'igihugu ca Bresil, Jair Bolsonaro arashigikiye ingingo y'igihugu ciwe yo kwakira ihiganwa ry’igikombe c'umupira w'amaguru c'ibihugu vyo muri Amerika y'epfo ca Copa America.

Iryo higanwa rizoba mu mpera z’uku kwezi. Ingingo yo guhiganira ico gikombe muri Brezil yafashwe ku munuta wa nyuma, igihugu ca Argentine cari gitegekanijwe kucakira kibivuyemwo bivuye ku kiza ca Covid-19.

Mw’ijambo yashikirije abamushigikiye, Bolsonaro yatangaje ko yavuganye n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Marcelo Queiroga, bakaba bumvikanye ko ihiganwa ry’igikombe ca Copa America rizomara indwi zine rihuza ibihugu 10 vyo muri Amerika yo mu bumanuko rishobora kubera muri Brezil.

Bresil yatowe kwakira igikombe ca Copa America ku musi wa mbere mu ngingo yatangaje yafatiwe hamwe n’urunani rw’amashirahamwe y’umupura w’amaguru mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko, COMEBOL. Urwo runani rwemeye ko abakinyi bose bazocandarwa imbere y’uko ihiganwa ritangura.

Urukino rw’ukwugurura iryo higanwa rutegekanijwe kw’itariki 13 y’ukwezi kwa gatandatu mu gihe urukino rwa nyuma ruzoba ku ya 10 y’ukwezi kw’indwi.

Yamara ibisagara bizokwakira iryo higanwa ntibiragenwa. Bitegekanijwe ko ata bafana bazororera inkino z’ico gikombe.