Perezida Macron Asaba ko Incanco za Covid-19 Zihingurirwa muri Afrika

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron kuri uyu wa kabiri yasavye ko amahinguriro y’incanco za Covid-19 yemererwa kuja kuzikorera ku mugabane wa Afrika. Hari mu nama yariko ibera i Paris, ku kuzamura ubutunzi bwa Afrika muri iki gihe c’ikiza ca Covid-19. Mw’ijambo ryasozereye iyo nama, Perezida Macron yasavye ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ishirahamwe mpuzamakungu ry’ubudandaji, OMC, hamwe n’abajejwe gukingira ubumenyi muvy’ubuganga, gukuraho ico cose cobuza ko incanco nk’izo zihingurirwa kuri uyo mugabane.

Perezida Macron yagabishije ko kudacandaga abanyafrika bishobora gutuma ibindi bisanira vy’uwo mugera bikwirakwira kuri uyo mugabane, mu nyuma bikazotandukira kw’isi.

Afrika ni akarere katarasinzikazwa cane na Covid-19 ugereranije n’ibindi bice vy’isi. Abantu 130 000 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanwe n’uwo mugera kuri uyo mugabane. Perezida wa Senegal, Macky Sall yashimye ko ibihugu vyo mu muryango wa G20 biriko birahindura uko vyiyumvira ibintu, mu kwemera ko ububaho neza kwavyo kuzokwisunga uko umugabane wa Afrika uzoba wacandaze abanyagihugu bawo.

Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu c’ubutunzi, FMI, Kristalina Georgieva, nawe yagabishije ko kunanirwa kwihutisha gucandaga umugabane wa Afrika bizogira ingaruka mbi ku butunzi kw’isi.