Amerika n'Abatalibani Baragirizanya Ubwicanyi muri Afuganistani

Abasirikare b'Amerika muri Afghanistani

Reta zunze ubumwe z’Amerika yagirije ku mugaragaro Abatalibani kuba inyuma y’ubwicanyi bwo ku rugero rwo hejuru muri Afuganistani. Amerika isaba uwo murwi guhagarika ubwicanyi mu gishingo c’amahoro.

Ibi Amerika ibishikirije kuri uyu wa mbere inyuma y’aho Abatalibani bagirije inteko z’Amerika kugaba ibitero vy’indege mu bice bigenzurwa n’Abatalibani. Amerika yagirizwa kandi guca kubiri n’amasezerano y’amahoro bemeranije mu 2020 agamije kurangiza intambara muri Afuganistani.

Uku kwagirizanya kubaye mu gihe indongozi z’Abatalibani hamwe n’intumwa za reta ya Afuganistani ifashwe mu mugongo n’Amerika zitegekanya kwongera guhurira muri Qatar kuri uyu wa kabiri mu kindi gice c’ibiganiro vy’amahoro.

Umuvugizi w’inteko z’Amerika muri Afuganistani, Col. Sonny Leggett yahakanye ivyo vyagiriji vyuko bahonyanze amasezerano kandi avuga ko ari ibinyoma.

Ubu bubaye ubwa mbere Amerika yagiriza Abatalibani kugaba ibitero ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, n’ahandi muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Aziya catabaguwe n’intambara.

Ivyo bitero vy’urukurikirane rw’amezi abiri vyapfuyemwo abamenyeshamakuru bashika kuri batanu, umutegetsi mu ntara, hamwe n’abo muri sosiyete sivile.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu waremanze bimwe muri ivyo bitero, naho reta ya Afuganistani yo yagirije Abatalibani kuba inyuma yavyo vyose.