USA: Reta ya Georgia Yategetse ko Amajwi Yongera Guharurwa

Abaharura amajwi y'itora muri komini ya Fulton mu mujyi wa Atlanta muri reta ya Georgia

Reta ya Georgia yategetse ko amajwi yavuye mu matora ya Prezida yabaye kw'italiki 3 y'uku kwezi kw'icumi na rimwe muri Reta Zunze ubumwe za Amerika asusbira guharurwa.

Umunyamabanga wa Reta ya Georgia, Brad Raffensperger, umurepublikani yabitegetse uno musi ku wa gatatu. Ni inyuma y’uko vyibonekeje ko amajwi yari yegeranye cane hagati ya Prezida Donald Trump, umurepublikani, n’uwatowe kuba prezida, Joe Biden, umudemokrate.

Mu gihe amajwi nka yose amaze guharurwa muri Georgia, Joe Biden ari imbere ya Trump n’amajwi 14112 ku majwi agera ku miliyoni 5 y’abatoye muri iyo reta.

Raffensperger yatangaje ko ashaka ko Prezida Trump atsinda amatora. Yamara yarahakanye ko igikorwa c’uguharura amajwi caranzwe n’utunenge. Reta ya Georgia ntiratora umukandida w’umudemokrate ahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’i 1992.

Raffensperger yahayagije abategetsi bajejwe amatora muri Reta ya Georgia mu kuvuga igikorwa cabo kitoroshe. Yamara avuga ko baranguye amabanga yabo neza. Yamenyesheje ko azotumira indorerezi z’abarepublbikani n’abademeokrate kugira bakwirikirane igikorwa c’ugusubira guharura amajwi kubera bikenewe cane, cane cane muri iki gihe.

Abategetsi bajejwe amatora bizeye ko ico gikorwa kizoba caherahejwe kw’italiki 20 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe. Kuri iyo tariki ni bwo leta ya Georgia igomba kwemeza bidasubirwaho amajwi y’abahatoreye yavuye mu matora.