Intumwa ziserukira amareta adacana uwaka muri Libiya zahuye mu biganiro kuri uyu w’Imana muri Maroke, inyuma y’indwi zibiri izo mpande zibiri zitangaje amakungu zivuga ko zihagaritse intambara.
Uwo mubonano, watumweko na Maroke, ari nayo yakiriye ibiganiro vy’amahoro vyabaye mu 2015, vyashitse kw’ishingwa rya reta ya Libiya yemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. ibi biganiro bisahasha vyabereye mu gisagara ca Bouznika, mu bumanuko bw’umurwa mukuru Rabat.
Ibi biganiro vyahuje intumwa zitanu za reta ya Tripoli yemewe n’amakungu hamwe na zitanu za reta ifise icicaro mu buseruko bw’igisagara ca Tobruk.
Umushikiranganji wa Maroke ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Nasser Bourita, imbere yuko iyo nama itangura yavuze ko igihugu ciwe gitanze urubuga kubanyelibiya ngo baganire ku bibatandukanya. Yavuze kandi ko umuti w’intambara muri Libiya uzotorwa n’abanyelibiya ubwabo bafashijwemwo na ONU.
Libiya imaze hafi imyaka 10 iri mu kaga k’intambara kuva perezida Moamar Kadafi yishwe.