Zimbabwe: Umushikiranyanji w'Uburimyi Yahitanwe na COVID-19

Coronavirus, Zimbabwe

Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yavuze ko umushikiranganji wiwe w’Uburimyi, Perrance Shiri, yishwe na COVID-19 ku munsi wa gatatu.

Ikinyamakuru cigenga co muri Zimbabwe cavuze ku munsi wa gatatu ko Shiri yari yashizwe mu kibanza ca wenyene mu bitaro vy’abikorera utwabo inyuma yo kwanduzwa uwo mugera n’umushoferi wiwe yapfuye mu mpera z’indwi.

Shiri, yari umujenerali w’umukukuruke w’imyaka 65, yigeze kuba arongoye ingabo zagirijwe ubwicanyi bwahitanye abantu hafi ibihumbi 20 mu 1980. Ari kandi mu bagize uruhara rukomeye mu gukura ku butegetsi Robert Mugabe.

Shiri abaye umutegetsi wa mbere yishwe na COVID-19 muri Zimbabwe. Uwo mugera uriko urarwirirana cane mu gihugu aho abarenga 2 700 bamaze kuwandura, na 41 umaze guhitana.