OIM Iragabisha ko Abimukira Bari mu Kaga muri Mediterane

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM ryagabishijje kuri uyu wa mbere ko abimukira bashika kw’100 bahunze Libiya bari mu kaga mw’ibahari Mediterane kandi ubwato barimwo bushobora kuzama bagapfa.

Ibihe vy’ici, ugutekana kw’ibahari hamwe n’umutekano muke urangwa muri Libiya biri mu bituma abimukira bagerageza kujabuka Mediterane bagana ku mugabane wa Bulaya.

OIM yavuze ko abimukira bashika 95 bamaze amasaha 37 mw’ibahari kandi bashobora kwibira mu mazi. OIM nta makuru arenze ayo yatanze.

OIM ivuga ko abimukira barenga 100 000 ari bo baragerageje kujabuka Mediterane mu mwaka uheze, abarenga 1 200 barahasiga ubuzima.